Uko wahagera

Senegali Yahamagaje Ambasaderi Wayo muri Qatar


Igihugu ca Senegali cahamagaye uno musi ku wa gatatu ambasaderi waco muri Qatar. Abategetsi b’ico gihugu bamenyesheje ko bifatanaije n’ibihugu vyo mu kigobe c’abarabu hamwe n’igihugu ca Misiri vyahagaritse imigenderanire na Qatar. Ivyo bihugu vyagiriza Qatar kw’ishigikiye iterabwoba.

Abategetsi ba Reta ya Senegali bavuga kao bariko bakwirikirana n’impungenge nyinshi cane ukugene ibintu biriko bigenda mu karere k’ikigobe c’abarabu. Batangaza ko bifatanije n’ibihugu vya Arabiya Sawudite, Reta Ziyunze z'Abarabu, Bahrein na Misiri.

Ivyo bihugu uko ari bine hamwe na Yemen n’amazinga ya Maldives vyahagaritse imigenderanire na Qatar ku musi wa mbere. Vyagiriza ico gihugu ko gishigikiye iterabwoba.

Igihugu ca Moritaniya cifatanije n’ivyo bihugu ejo ku musi wa kabiri mu guhagarika imigenderanire na Qatar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG