Uko wahagera

RDC: Abishe Impuguke za ONU Bagejejwe muri Sentare


Ubutungane bw’igisirikare muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo bwuguruye urubanza rw’abikekwa ko bagandaguye abahinga babiri b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kwezi kwa gatatu mu ntara ya Kasai.

Sentare ya gisirikare yo mu gisagara ca Kananga yatanguje urubanza rwabo uno musi ku wa mbere imbere y’ukurwigizayo gushika kw’italiki cumi na zibiri z’ukwezi kwa gatandatu bisabwe n’abashikirizamanza. Ivyo vyatangajwe n’umushingwamanza w’abagirizwa, Evariste Ilunga afise imyaka cumi n’itandatu na Mbayi Kabasele afise imyaka mirongo itatu bitavye urubanza uno musi ku wa mbere.

Umunyamerika, Micheal Sharp n’umunyasweda, Zaida Catalan, abahinga babiri b’ishirahamwe ONU bari bajejwe gutohoza ku bwicanyi n’uruhagarara mu ntara ya Kasai igeramiwe n’umugumuko w’abarwanyi bazwi kw’izina rya Kamwina Nsapu bari banyurujwe kw’italaiki 13 z’ukwezi kwa gatatu. Ibiziga vyabo vyatowe imisi cumi n’intandatu inyuma yaho vyahambwe mu kinogo kimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG