Uko wahagera

ONU: Ibihano Bishasha Kuri Koreya ya Ruguru


Kim Jong Un, Koreya ya Ruguru
Kim Jong Un, Koreya ya Ruguru

Inama y’umutekano ya ONU yasubiye kugabisha Igihugu ca Koreya ya Ruguru, kur’uyu wa gatanu, kubijanye no guhagarika ibitero vyaco vya nucleaire. Ivyo vyakurikijwe no kwongerereza abantu cumi na bane ku basanzwe bari k’urutonde rw’abafatiwe ibihano, hamwe n’amashirahamwe ane.

Ibihano vyafatiwe abo bantu bijanye no kwakwa impusha zo gufata ingendo, hamwe n’amwe mu matungo yabo, bivuye ku bitero vya nucleaire Koreya ya Ruguru ibandanya gukora. Nikki Haley, aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ari nayo yafatikanije n’Igihugu c’Ubushinwa mu gusohora iyo ngingo, yatangaje ko ingino zose zizofatwa mu gihe Koreya ya Ruguru ibandanije gukora ivyo bitero.

Abenshi mu bari k’urutonde rw’abafatiwe ibihano kubera ibitero vya nucleaire Koreya ya Ruguru ikora bari mu zabukuru. Umwe muri bo n’umugabo w’imyaka mirongo icenda n'ibiri, azwi kw’izina rya Ro Yong Mu, asanzwe ar’icegera c’umuyobozi w’umugwi wa Reta ujejwe ibikorwa vya gisirikare n’umutekano.

Amakungu amenyesha ko atewe ishavu n’uburyo Koreya ya Ruguru ibandanya kwica amatwi. Tubibutse ko Koreya ya Ruguru imaze gukora ibitero vya misile balistike bishika kw'icenda kuva uyu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n'indwi utanguye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG