Uko wahagera

Ubushinwa n'Uburaya Vyiyemeje ku Masezerano y'i Paris


Inama hagati y'Ubushinwa n'Ibihugu vya Buraya

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya hamwe n’Igihugu c’Ubushinwa vyatangaje kur’uyu wa gatanu ko bisubiye kwiyemeza kwubahiriza amasezerano y’I Paris, ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere. N’inyuma y’umunsi umwe Prezida Donald Trump wa Reta zunze za Amerika atangaje ko Amerika ikuye akarenge mur’ayo masezerano.

Ivyo vyashikirijwe mu nama yahuje umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa, Li Kequiang, hamwe n’umukuru w’inama y’ibihugu vya Buraya, Donald Tusk, I Buruseri, ku bijanye n’urudandaza hagati y’iryo shirahamwe n’Igihugu c’Ubushinwa.

Tusk yatangaje ko urugamba rwo kugwanya ihindagurika ry’ikirere ruzobandanya, Amerika ibamwo canke ntibemwo. Tusk yavuze ko ingingo yafashwe na Amerika irimwo ukwihenda cane.

Hambavu y’ikibazo kijanye n’amasezerano y’I Paris, abo bategetsi baganiriye kandi ku bijanye n’urudandaza, kugwiza imitahe, n’ikibazo c’abimukira. Bongeye kandi baraganira ku bijanye na Koreya ya Ruguru hamwe no gukorera hamwe ku bijanye n’umutekano muri Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG