Uko wahagera

Siriya: Amerika Iritegura Kugaruza Igisagara ca Raqqa


Abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Abategetsi mu gisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika batangaje ko abarwanyi ba Siriya basanzwe bafashwa n’inteko za Amerika bigijeyo abarwanyi ba Reta ya Kisilamu, ku birometero bitatu. Abo bategetsi bavuga kandi ko intambara yo kugaruza igisagara ca Raqqa, gisanzwe carigaruriwe n’uwo muhari ishobora gutangura mu minsi iri imbere.

Ni mu gihe abasirikare ba Amerika batangaje mu ntango z’iyi ndwi ko baza baratanguye gutanga ibirwanisho ku bagwanyi ba Siriya, hamwe n’imiduga y’ingwano. Ico gikorwa nticashimishije Igihugu ca Turukiya, kivuga ko abo barwanyi ar’umugwi w’iterabwoba.

Muri kino gihe abategetsi mu gisirikare ca Amerika bamenyesha ko abarwanyi bayoboka Reta ya Irani babandanya kurenga akarimbi mu karere abo basirikare bariko baratangiramwo inyigisho ku barwanyi ba Siriya. Bagasaba ko abo barwanyi bava mur’ako karere, bivuye ko ngo babangamira ibikorwa vya gisirikare biharangurirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG