Uko wahagera

ONU Iragabisha Intureka muri Republika Centrafrika


Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU riragabisha ku ntureka zishobora gusubira kwaduka mu gihugu ca Republika Centrafrika, zigatuma intambwe amahoro no gusubiza hamwe vyari bigezeko isubira inyuma.

N’inyuma y’aho habereye imishamirano hagati y’umurwi w’abagwanyi b’aba kristu n’abahoze k’urugamba b’aba isilamu, yabaye hagati mu kwezi kwa gatanu.

ONU itangaza ko abantu bashika kw’ijana bahasize ubuzima, nayo abashika ku bihumbi ijana ngo barataye izabo, n’abatari bake bakomeretse.

Umuhuzabikorwa mu bijanye no gutanga imfashanyo ya ONU muri Republika Centrafrika, Najat Rochdi, yatangaje ko icizere abanyagihugu bari batanguye kugira ku bijanye n’uko amahoro yagarutse gisa n’icaheze.

Rochdi asaba amakungu kwongerereza imfashanyo, akavuga ko hakenewe amafaranga kugira abantu baharugwa muma miliyoni bashobore gufashwa. Avuga ko ata mwanya munini usigaye kugira n’agahengwe kari kabonetse kazimangane, mu gihe amakungu abandanije kwibagira ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG