Uko wahagera

Iterabwoba Ryariyongereye kw'isi


Ikarata yerekana ingene iterabwoba ryiyongereye kw'Isi
Ikarata yerekana ingene iterabwoba ryiyongereye kw'Isi

Igitigiri c’ibihugu vyaranzwemwo iterabwoba kw’isi mu mwaka w’i 2016 cararenze urugero.

Mu cegeranyo ciswe Global Peace Index gisuzuma urugero rw’umutekano urangwa mu bihugu vyo kw’isi, ku ncuro ya mbere mu myaka indwi, ibiharuro vyerekana ko umutekano muri Reta zunze ubumwe z’Amerika vyagabanutse.

Ico cegeranyo cerekana kandi ko ubwicanyi bwahombesheje isi ubutunzi bugana na amamiriyaridi y’amamiriyaridi y’amadolari atari make.

Ibiziga vy’umurengera, ibitero, ihungabana ry’umutekano, ishavu ku nzego za politike nivyo vyageramiye ubutunzi bw’ibihugu harimwo n’Amerika mu mwaka uheze.

Iyo raporo ivuga ko igitigiri kinini c’ibihugu bigera kuri 23 mur’iki gihe, birarangwamwo iterabwoba. Yamara, naho ibihugu vya buraya vyaranzwemwo ibitero bikoma komeye, nko m’Ubufaransa, I Buruseli, n’i Londres, iyo raporo ivuga ko ako karere ka buraya kagumanye umwanya wako w’ukuba karangwamwo umutekano.

Igihugu ca Siriya kibandanya kuba ica nyuma kidatekanye, ku ncuro ya gatanu y’imyaka ikurikirana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG