Abarovyi barenga ibice 70 kw’ijana barahagaritse ibikorwa vyo kuroba ku kivuko ca Rumonge kiri ku kiyaga ca Tanganyika kubera ubukene bw’igitoro.
Umunyamabanga mukuru w’urunani rw’abarovyi n’abadandaza amafi mu Burundi asanzwe akorera ku kivuko ca Rumonge avuga ko igitoro kingana n’ilitiro 30 bahabwa kuri buri gipe iyo bagiye kunywesha ku ma stations ataco kibafasha bahisemwo guhagarika umwuga.
Mu runani rw’abarovyi mu Burundi bemeza ko agahombo ari kanini haba ku barovyi no kuri Leta.
Buramatari w’intara ya Rumonge arumva igisabo c’abo barovyi ariko asanga kidashoboka. Juvénal BIGIRIMANA asaba abo barovyi kuba barakora kur’izo litiro 30 z’igitoro baronswa mu kurindira ko igitoro gisubira kuboneka ku bwinshi.
Iyi nkuru tuyikesha umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika mu Burundi, Evariste Nzikobanyanka.
Facebook Forum