Muri Somaliya, Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru, Omar Osman, yatangaje ko har’umutegetsi m’umuhari al-Shabab yatorotse uwo muhari, ubu ari mu minwe y’igisirikare ca Reta, I Mogadiscio k’Umugwa mukuru wa Somaliya.
Jenerari Mohamed Ahmed, umutegetsi mu gisirikare ca Somaliya yatangaje ko uwo mugwanyi yari yarungitswe mu ntara ya Hiran, intara nini isanzwe ibamwo abantu benshi, gukorerayo ibitero, mur’iki gihe aba isilamu bari mu mafungo. Jenerari Ahmed avuga kandi ko uwo mugwanyi yarayoboye intara zitatu zirimwo abagwanyi ba al-Shabab.
Igisagara ca Hiran kiri muvyo uwo mugwanyi yar’ayoboye, kibamwo abantu bashika ku muliyoni. Abenshi mur’abo bakaba ar’abantu bahaba umwanya muto.
Facebook Forum