Uko wahagera

Abashika kuri 90 Baguye mu Gitero i Kabul


Abantu bashika kuri mirongo icenda bapfuye bahitanywe n’igisasu caturikiye k’umugwa mukuru wa Afuganistani, I Kaboul. K’umugwa mukuru wa Iraki, I Bagdad naho nyene habereye ibindi bitero bibiri vyahitanye abantu bashika kuri mirongo icenda. Ni mu gihe m’ubumanuko bwa Philippine naho havugwa intambara yo gutuza abagwanyi b’umuhari wa Kisilamu.

Nta murwi numwe witirirwa ivyo bitero nk’uko vyatangajwe n’ababikurikiranira hafi. Bavuga ko ivyo bitero ata sano rinini bifitaniye n’intambara zimaze iminsi muri Siriya, Iraki na Afuganistani.

Ukwezi kw’amafungo kuba isilamu kugizwe n’iminsi mike. Yamara kandi ukwo kwezi kwategerezwa kurangwa n’agahengwe, amasengesho n’imbabazi kuriko kurangwa n’intureka hamwe n’intambara. Umuhari wa Kisilamu, nkuko wamye ubikora muri myaka uheze, ukaba no mur’uyu mwaka warateye akamo abagwanyi bawo ko kugwiza ibitero.

Umuvugizi w’uwo muhari yatangaje ko ingwano yabo ari nyeranda kandi ko ar’umugigwa w’idini bateregerezwa kurangura. Avuga ko igikorwa cose gikozwe mu ntumbero y’uwo mugirwa, mu kiringo c’amafungo y’iramazani, gihabwa impembo incuro mirongo indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG