Uko wahagera

Uburusiya Bwarashe Misile ku Nteko za Reta ya Kiyislamu


Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu c’Uburusiya, bumenyesha kw’inteko zabwo zarashe misile zine zo mu bwoko bwihuta cane mu bibanza birimwo abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu zivuye mw’ibahari Mediterane.

Ubushikikranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bumenyesha kw’izo misile zarashwe n’ubwato bw’ingwano hamwe n’ubwato bugendera musi y’amazi bitwa, “sous-marin” mu rurimi rw’igifransa. Izo misile zaguye hafi y’igisagara ca Palmyra, zisambura ibirwanisho bikomakomeye, zica n’abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu bari barungitswe wmuri ico gisagara bavuye mu gisagara ca Raqqa.

Uburusiya bwatangaje ko bwari bwabimenyesheje Reta zunze ubumwe za Amerika, Turukiya na Isiraheli imbere yuko burasa izo misile. Ico gihugu ntikimenyesha igihe izo misile zarashwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG