Uko wahagera

Amerika Yateye Misile yo Gutangira Ibitero vya Koreya ya Ruguru


Misile za Amerika
Misile za Amerika

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje ko igikorwa cabwo ca mbere co gutangira misile cagenze neza. Ivyo vyatangajwe na Jim Syring, icegera c’umuyobozi w’ikigo kijejwe gukingira misile.

Ico gikorwa cabaye kur’uyu wa kabiri, caranzwe no gutera misile zibiri, ziturutse mu bibanza bitandukanye. Inyuma y’aho haterewe iya mbere, iya kabiri yarungitswe mu ntumbero yo kuyihagarika. Syring akavuga ko ico gikorwa cagenze neza. N’igikorwa caranguwe mu ntumbero yo gukingira umutekano wa Amerika, mu gihe Koreya ya Ruguru ibandanya gukora ibitero vya misile.

Mu gitondo co kur’uyu wa kabiri, Koreya ya Ruguru yatangaje ku gitero cayo ca nyuma co kugerageza misile balistike. Ni mu gihe umutegetsi mu gisirikare ca Amerika, akorera mu karere ka Pasifike nawe yemeza ko ico gitero ca misile cabaye, kikamara iminota itandatu, imbere y’uko igwa mw’ibahari ry’Ubuyapani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG