Uko wahagera

Noriega Yahoze Arongoye Panama Yaritavye Imana


Panama Noriega yahoze arongoye Panama
Panama Noriega yahoze arongoye Panama

Perezida wa Pannama, Manuel Noriega yatwaje igitugu, yitavye Imana afise imyaka 83 y’amavuko.

Perezida wa Panama Juan Carlos Varela yatangaje abicishije ku rubuga twa Twitter kw' urupfu rwa Noriega rurangije ikiringo ca kahise k’igihugu kandi kw'akwiye gushinguranwa iteka.

Noriega yinjiye ibitaro mu ntango z’uyu mwaka aho yariko avugwa kanseri yo mu bwonko.

Imbere yuko akurwa mu nzu yar’afungiwemwo kugira acirwe urubanza, Noriega yari yabanje gufungwa yagirizwa kurya ibiturire no kwica abatavuga rumwe nawe ku ntwaro yiwe mu myaka y’1983 gushika 89.

Noriega yakuwe ku butegetsi na Reta zunze ubumwe z’Amerika mu mwaka wa 1989 mu nyuma aca ajanwa gufungirwa muri Amerika yagirizwa kudandaza ibiyayura umutwe.

Mu nyuma yaciye aja gufungirwa mu Bufaransa, yagirizwa ubucuruzi bw’amafaranga butemewe n’amategeko, mu nyuma asubizwa muri Panama muri 2011 gufungirwayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG