Uburundi nibwo bwatahukanye ikibanza ca mbere mu mahiganwa yatunganijwe ku mwaka uheze mu karere ka EAC ahuza abanyeshure.
Ayo mahiganwa yari yerekeye kwandika inkuru mu gatabo gato ku vyerekeye ingorana n’ivyiza vyobaho mu gihe hari igihugu gishasha cinjiye mur’ uwo muryang.
Umunyeshure yabaye uwa mbere yiga mu ntara ya Makamba mu bumanuko bw’Uburundi. Yahawe agashimwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC, iheruka kuba mu ndwi iheze.
Mushobora kwumviriza inkuru ya mugenzi wacu Pierre Claver Niyongabo, ari I Arusha mu gihugu ca Tanzania.
Facebook Forum