Uko wahagera

Siriya: barahunga akarere ka Efurate


Map of al-Tanf, Syria
Map of al-Tanf, Syria

Abakurikiranira hafi intambara muri Siriya bavuga ko abasivile amajana n’amajana baraye barahunga ibisagara bibiri vyafashwe n’abagwanyi b’intambara ntagatifu hafi y’umupaka na Iraq. Aho n’inyuma yaho hagiwe ibitero vyo mu kirere vyaraye biragigwa ku nyubakwa zibamwo abagwanyi b’intagondwa n’imiryango yabo.

Ababibonye bavuga kw’ivyo bitero vyo mukirere vyagizwe mu bigwati biri kuruzi Efurate ahitwa Mayadeen na Albu Kamal. Vyatanguye ku musi wa gatanu bituma abantu benshi bahungira mu misozi. Abagwanyi baharanira reta ya Ki Islamu nibo batwara igice kinini c’ako karere karimwo ibitoro vyinshi. Amakuru amwe amwe avuga ko abatari bake mu miryango y’abo bagwanyi bari mu bariko barahunga ako karere.

Mu ntango z’uku kwezi kwa gatanu abantu bashika kuri 62 harimwo abasivile barenga 40 nibo baguye mu bitero vyo mu kirere nk’ivyo vyaraye bigizwe I Albu Kamal.

Zeid Raad Al Hussein, umuyobozi wa ONU ajejwe agateka kamuntu assaba abakomanda ku mpande zose z’iyo ntambara muri siriya, kugira ivyo bashoboye vyose kugira batandukanye neza abagwanyi n’abasivile ntihagire abagwa mumporero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG