Uko wahagera

Misiri Yihoye Igitero Cakozwe ku Bakristu


Igitero ku bakristu b'aba copte, muri Misiri
Igitero ku bakristu b'aba copte, muri Misiri

Igihugu ca Misiri cakoze ibitero vy’indege muri Libiya, kur’uyu wa gatanu. Ivyo bitero vyabereye ahari ibirindiro vy’abagwanyi ba kisilamu, aho muri Libiya, bihitana abatari bake. N’ibitero vyabaye mu ntumbero yo kwihora ubwicanyi bwakozwe ku bakristu b’aba copte, kur’uyu wa gatanu.

Prezida Abdel-Fattah el-Sissi yatangarije kuri televiziyo ico gikorwa co kwihora, inyuma y’aho abagabo baje bitwikiriye mu maso, bagatera imodoka yo mu bwoko bwa bisi. Abategetsi ba Misiri bamenyesha ko abantu bashika kuri mirongo ibiri n'umunani baguye mur’ico gitero. Prezida el-Sissi yatangaje ko Misiri itazohengeshanya gutera ibirindiro vy’abiyahuzi aho biri hose.

Abategetsi mu mihingo itandukanye bateye ivyatsi ico gitero cabereye mu Misiri, kur’uyu wa gatanu. Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yatangaje ko ubwicanyi bwakorewe abakristu bo muri Misiri bubabaje cane.

Inama y’umutekano ya ONU nayo nyene yateye ivyatsi ico gitero, m’ukuvuga ko ar’akabi kabishe kandi ko ar’ubukozibw’ikibi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG