Uko wahagera

Umuririmvyi Ariana Azoja Gufasha Imiryango y'Ababuze


Umuririmvyi w'umunyamerikakazi, Ariana Grande

Umuririmvyi Ariana Grande, w’umunyamerikakazi, yatangaje ko ategekanya gusubira mu gihsagara ca Mancherster, m’Ubwongereza, mu ntumbero yo gutunganya igiteramo co kwegeranya amafaranga yo gufasha imiryango y’abantu mirongo ibiri na babiri, baguye mu gitero cabereye aho yariko akorera igiteramo, mu ntango y’iyi ndwi.

Ivyo Ariana yabitangarije k’urubuga rwiwe rwa Twitter, yamara nta tariki y’ico giteramo yamenyesheje. Yavuze ko inyishu y’ico gitero ar’uko abantu boshira hamwe, bagafashanya, bagakundana gusumba uko bahora, kandi bakaba abanyabuntu.

Ariana yavuze kandi ko azotanga amakuru y’uburyo ico giteramo cagenze, amaze kuboneka. Ategekanya kubandanya ibiteramo vyiwe mu bihugu vya buraya m’ukwezi kuza, aho azogendera Ubufaransa, ibihugu vya Portugal, Espagne hamwe n’Ubutaliyano.

Igitero cabaye k’umunsi wa mbere mu giteramo c’uwo muririmvyi cakozwe n’umusore yitwa Salman Abedi, afise imyaka mirongo ibiri n'ibiri, akaba yaciye yiyahura inyuma y’aho akoreye ico gitero. Abantu ku mirongo ibiri na babiri nibo baguye mur’ico gitero, hamwe n’abashika kw'ijana na cumi na batandatu bakomeretse.

Abategetsi m’Ubwongereza baramaze gufata abantu umunani bagirwa kuba bafise uruhara mur’ico gitero, harimwo umuvukanyi wa Abedi, asanzwe aba mu gihugu ca Libiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG