Uko wahagera

Perezida Trump Yabonanye na Papa Fransisiko


Perezida Trump ari kumwe na Papa Fransisiko i Vaticano mu Butaliyano
Perezida Trump ari kumwe na Papa Fransisiko i Vaticano mu Butaliyano

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump na Papa Fransisiko babonanye mu kiringo c’iminuta mirongo itatu i Vaticano uno musi ku wa gatatu.

Bwari ubwa mbere Perezida Trump na Papa Fransisiko babonana, kandi bombi bahanye udushimwe.

Perezida Trump yahaye Papa Fransisiko agashimwe k’ibitabo vya Martin Luther King. Yatangaje ko yizeye ko Papa Fransisiko azobishima.

Papa Fransisiko nawe yahaye Trump ivyo yavuze kw’ari umudali w’umuhinga mu tugenenegene w’Umuromani. Avuga kw’ari ikimenyetso c’amahoro.

Ibiro vya Papa i Vaticano vyatangaje kw’ibiganiro hagati yiwe na Perezida Trump vyagenze neza.

Inyuma yuko abonanye na Papa Fransisiko, Perezida Trump yagiye i Bruxelles, mu Bubiligi mu birori vy’ukwugurura icicaro gishasha c’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN hamwe n’inama y’abayobozi b’iryo shirahamwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG