Uko wahagera

ONU Isabwa Gushira mu Ngiro Ibihano kuri Koreya ya Ruguru


Kim Jong Un, aramutswa Koreya ya Ruguru

Liu Jieyi, aserukira Ubushinwa mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, yateye akamo, kur’uyu wa kabiri, inama y’umutekano ya ONU, ko yoshira mu ngiro ingingo zo kugabanya intureka ziri mu karere ka Koreya.

Ivyo ambasaderi Jieyi yabishikirije abamenyeshamakuru, ah’inama yihutirwa, yabereye m’umwiherero, yarihejeje gukorana, inyuma y’ibitero vya misile Koreya ya Ruguru yakoze k’umunsi w’Imana.

Ambasaderi Jieyi avuga ko ingingo zimaze gufatwa zoshirwa mu ngiro, yamara ko bakwiye no kubandanya igikorwa co guhagarika ibigwanisho vya nucleaire, biciye mu biganiro vya politike n’imigenderanire. Inama y’umutekano ya ONU yatey’ivyatsi ivyo bitero vya misile, vyabaye kur’uyu w’Imana, ivuga kandi ko igiye gushiraho izindi ngingo, zirimwo n’ibahano.

Igitero ca misile cakozwe na Koreya ya Ruguru, kur’uyu w’Imana, kibaye ic’icumi, kuva uyu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n'indwi utanguye. Abahinga ba Koreya y’Epfo bakavuga ko iyo misile yagenze ibirometero amajana atanu, imbere y’uko igwa mw’ibahari y’Ubuyapani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG