Uko wahagera

Umunyafurika Yabaye Umuyobozi Mushasha wa OMS


Umuyobozi mukuru mushasha w'ishirahamwe OMS,Tedros Adhanom Ghebreyesus wo muri Etiyopiya iburyo kw'ifoto
Umuyobozi mukuru mushasha w'ishirahamwe OMS,Tedros Adhanom Ghebreyesus wo muri Etiyopiya iburyo kw'ifoto

Tedros Adhanom Gheybreysus wo mu gihugu ca Etiyopiya yatowe kuba umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS.

Tedros yatsindiye ico kibanza mu ncuro zibiri z’amatora yabaye ku musi wa kabiri. Yatsinze muganga David Navarro wo mu gihugu c’Ubwongereza na muganga Sania Nishtar wo muri Pakistani.

Tedros yahoze ari umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Ethiopia. Yigeze kandi kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire muri ico gihugu.

Abaye umunyafurika wa mbere ayoboye ishirahamwe OMS, ishami ry’ishirahamnwe mpuzamakungu ONU rifata iya mbere mu kwishura ku biza bibazo bikomeye bijanye n’amagara y’abantu kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG