Uko wahagera

Ubwongereza: Abantu 19 Bahitanywe n'Igitero


Ahariko habera ibirori vy'umuziki w'umuririmvyi Ariana Grande, habereye igitero mu gisagara ca Manchester, m'Ubwongereza.
Ahariko habera ibirori vy'umuziki w'umuririmvyi Ariana Grande, habereye igitero mu gisagara ca Manchester, m'Ubwongereza.

Mu gihugu c’Ubwongereza, abantu bashika kuri cumi n'icenda baguye mu gitero cabereye ahariko habera ibirori vy’umuziki, vyari vyatunganijwe n’umuririmvyi w’umunyamerikakazi, Ariana Grande mu gisagara ca Manchester, k’umugoroba wo kur’uyu wa mbere. Bivugwa kandi ko abarenga mirongo itanu bakomerekeye mur’ico gitero.

Ibisasu bibiri nivyo vyaturikiye mur’ico kibanza cari categuriwe abantu bashika ku bihumbi mirongo ibiri na kimwe. Ivyo birori vyari vyitabiriwe ahanini n’abana b’abigeme, ari nabo basanzwe bakunda cane umuziki wa Ariana.

Uwo muririmvyi asanzwe ari mu gikorwa co kuzungurakana umuziki mushasha aheruka gusohora, yatanguriye mu gisagara ca Phoenix, muri Reta ya Arizona, hano muri Amerika, itariki zitatu z’ukwezi kwa kabiri, mur’uyu mwaka. Ategekanya kandi kugendera ibihugu vy’Ububirigi, Pologne, Ubudagi, Ubuswise, Ubufaransa, n’ibindi bitari bike.

Gushik’ubu igipolisi ntaco kiravuga ku bijanye n’abakoze ico gitero, canke amakuru aramburuye ku vyerekeye ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG