Uko wahagera

Irani Ntiyashimishijwe n'Inama yo muri Arabiya Sawudite


Perezida aherutse gusubira gutorwa wa Irani, Hassan Rouhani yatangaje ku wa mbere kw’imigenderanire hagati y’igihugu ciwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ir’ahamanuka. Yatangaje kw’inama ya Perezida Trump mu gihugu ca Arabiya Saudite mu mpera z’iyi ndwi turangije yari iy’ukwiyerekana gusa.

Perezida wa Irani, Hassan Rouhani yatangaje kandi kw’umutekano mu karere ko mu buseruko bwo hagati udashobora gushikwako igihugu ciwe kitabigizemwo uruhara. Yamara Rouhani yizeye ko reta ya Perezida Trump izofata umwanya w’ukumenya igihugu ciwe kurushiriza.

Ku musi w’Imana, Perezida Trump yarashikirije ijambo mu gihugu ca Arabiya Sawudite. Muri iryo jambo yateye akamo kuko Abayislamu boja hamwe mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba. Yaradomye kandi urutoke ku gihugu ca Irani yagirije ko gifasha mu gutera umutekano muke mu karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG