Uko wahagera

Urugendo rwa Mbere rwa Trump mu Mahanga


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Donald Trump aratangura urugendo mu mahanga kur'uyu wa gatanu. Mur’urwo rugendo azogendera ibihugu vya Arabiya Saudite, Isirayeli na Vaticano.

Bitegenijwe ko Trump yavugiye ku mugaragaro kw’atacizere afitiye Abayisilamu, ashikiriza ijambo kw’idini rya Kiyislamu umurwi w’abayobozi b’iryo dini.

Inyuma y’urugendo mu gihugu ca Isirayeli, azogendera kandi Vaticano aho azobonana na Papa Fransisiko yatangaje kw’ata kintu na kimwe azomuvugako imbere yuko babonana.

Mu nyuma yaho, Perezida Trump azoja mu gihugu c’Ububiligi aho azobonana n’abategetsi b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN ku murwa mukuru, Bruxelles.

Azorangiriza urugendo rwiwe mu gisagara ca Taormina mw’izinga rya Sicile, mu gihugu c’Ubutaliyano mu nama y’umurwi w’ibihugu indwi bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG