Uko wahagera

Abagendesha Amapikipiki i Bujumbura Baridoga


Abagendesha amapikipiki na tukutuku vyunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura ntibashima ingingo yo kubegurira sitasiyo ya mazout canke essence bategerezwa kunyweshako igitoro.

Abo bategetswe n’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka ko kuva kur’uyu wa gatatu batondera kuri sitasiyo yitiriwe Musée vivant iri muri karitiye kabondo.

Kuva mu gitondo co kur'uyu wa gatatu abo bagendesha amapikipiki batondeyeyo ariko nta gitoro baharonse, bagasaba ko iyo ngingo yosubirwamwo, buri muntu akagurira igitoro aho abonye nk’uko vyahora.

Baba abagendesha amamodokari, amapikipiki yunguruza abantu eka n’abiyunguruza bakoreshaje ivyo vyuma basaba Leta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira iyo ngorane y’ikena ry’igitoro itorerwe umuti.

Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka, Come MANIRAKIZA yatangaje mu misi iheze ko ikena ry’igitoro mu gihugu ritumwa n’ubukene bw’amafaranga y’agaciro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG