Uko wahagera

RCA: Intambara Irashobora Gusubira Kwaduka


Imiduga y'ingwano mu ntara ya Yade, muri Republika ya Centrafrika.
Imiduga y'ingwano mu ntara ya Yade, muri Republika ya Centrafrika.

Muri Republika ya Centrafrika intambara zishobora gusubira kwaduka umwanya uwari wo wose. Ivyo vyatangajwe n’umuyobozi w’Ishami rya ONU, riharanira agateka ka zina muntu, kur’uyu wa kabiri. Zeid Ra’ad al Hussein, yatangaje ko agahengwe kari k’umugwa mukuru i Bangui, no mu bisagara bininibinini gashobora guhungabanywa n’intureka ziri mu bisagara bimwe bimwe.

Mu ndwi iheze, abantu bashika ijana baguye mur’izo ntambara, abaharugwa mu bihumbi bagahunga, bivuye ku ntambara ziri hagati y’aba isilamu n’abakirisitu.

Izo ntambara zarahitanye kandi abasirikare batandatu b’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, baguye mu gitero cakozwe n’umugwi w’abagwanyi b’abakirisitu, mu gisagara ca Bangasou, gihana urubibe na Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo.

Bamwe mu banyagihugu, bagizwe ahanini n’abapfakazi hamwe n’impfuvyi bakaba barakoze imyiyerekano bagana umugwa mukuru, mu ntumbero yo gusaba ko Reta yohagirika ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG