Uko wahagera

Ikibombe Kishe Abantu Bane muri Kenya


Abantu bane bapfuye uno musi ku wa kabiri igihe imodoka barimwo yeseka bombe mu gisagara ca Liboi, mu buserurko bw’igihugu ca Kenya. Aha ni ku rubibe na Somaliya. Ivyo vyatangajwe n’igipolisi co mur’ako karere.

Abapfuye bava mu karere ka Liboi. Abo bantu bapfuye buno nyene igihe imodoka barimwo yaca kuri bombe.

Igipolisi catangaje ko cikeka abarwanyi b’umurwi al-Shabab ku vyabaye.

Igisagara ca Liboi kiri hafi y’ibilometero mirongo itandatu umuntu avuye mw’ikambi y’impunzi ya Dadaab, igizwe ahanini n’abasomali ku butaka bwa Kenya. Ubuseruko bwa Kenya burageramairwa kenshsi n’ibitero vy’umurwi al-Shabab.

Kuva igihugu ca Kenya kirungitse inteko muri Somalia mu mwaka w’i 2011 kurwanya umurwi al-Shabab, uwo murwi waragize ibitero bitari bike vy’abiyahuzi vyihaye inkumbi ku butaka bwaco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG