Uko wahagera

Reta ya Cote d'Ivoire Yiyemeje Kurwanya Abasirikare Bagumutse


Liyetena Colonel Issiaka Ouattara, na Liyetena Colonel Cherif Ousmane baramutsa abasirikare bagumutse.
Liyetena Colonel Issiaka Ouattara, na Liyetena Colonel Cherif Ousmane baramutsa abasirikare bagumutse.

Reta ya Cote d'Ivoire yatanguje ibikorwa vya gisirikare bigamije kwigarurira igisagara ca Bouake ubu kiri mu minwe y’abasirikare bagumutse k’umusi wa gatanu basaba uturusho bemerewe na reta.

Iyo migumuko yarahitanye umuntu umwe n’abandi 20 bakomeretse, abo bose bakaba ar’abanse kwumvira akamo batewe n’abo basirikare ko kuguma mu mazu yabo.

Nta makuru gushik’ubu y’aho ivyo bikorwa vya gisirikare bigeze aratangazwa, ariko umwe mur’abo basirikare bagumutse yabwiye itororokanirozo ry’amakuru ry’abanyamerika, Reuters ko batarota bashira ibirwanisho hasi kandi ko barindiranye igishika inteko za reta ngo batane mu mitwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG