Uko wahagera

Akanama ka ONU Kihuta kuri Koreya ya Ruguru


Akanama ka ONU kajejwe umutekano katumyeko inama yihuta kur’uyu wa kabiri ku kibazo ca Koreya ya ruguru yongeye gutera misile kur’uyu w’Imana.

Reta zunze ubumwe z’Amerika, Ubuyapani na Koreya y’epfo nivyo vyasavye iyo nama. Kubw’ibiro vya perezida muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, White House ngo ibi vyari guca bituma amakungu afata ibihano bikomeye kuri Koreya ya ruguru.

Inyuma y’aho, ambasaderi w’Amerika muri ONU, Nikki Haley, nawe yongeyeko ko iki ar’igihe c’uko amakungu yiyunga agatanga ubutumwa bumwe bw’uko iyo nyifato atawoyihanganira.

Ubuyapani na Koreya y’Epfo bagaye ico gikorwa ca Koreya ya ruguru, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya asanzwe ari I Beijing mu Bushinwa mu nama nawe yavuze ko bimuteye impungenge.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG