Uko wahagera

Ukraine: Abantu Bane Baguye mu Bitero vy'Abagwanya Reta


Muri Ukraine, abategetsi bagirije abagwanyi biyonkoye kuri Reta, basanzwe bakorana n’Igihugu c’Uburusiya, kw’ari bo bakoze ibitero, vyahitanye abanyagihugu bane, kur’uyu wa gatandatu. Ivyo bitero vyabereye mu karere gacunzwe na Reta, kari hafi y’umupaka wa Ukraine n’Uburusiya.

N’ibitero vyabaye imbere y’amasaha make yar’asigaye kugira hatangure ihiganwa rya nyuma ry’umuziki ryitiriwe Eurovision, risanzwe rikurikirwa n’abantu amamiliyoni. Iryo higanwa uyu mwaka rikaba ryabereye k’umugwa mukuru wa Ukraine, I Kiev.

Prezida Petro Poroshenko wa Ukraine, yatangaje ko we n’umutambukanyi wiwe baza kwiyamiriza ubwo bwicanyi m’ukudaseruka mur’ivyo birori biba biriko bikurikigwa n’abantu isinzi.

Haheze imyaka itatu, imishamirano iri hagati y’abo bagwanyi biyonkoye kuri Ukraine, hamwe n’abasirikare ba Reta itanguye. Abantu bashika ku bihumbi cumi baramaze guhitanwa n’iyo ntamabara. Abo bagwanyi begamiye Uburusiya bakaba basaba ko intara yabo yokwikura, ikava ku gihugu ca Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG