Uko wahagera

ONU Itewe Impungenge n'Abacirwa Izo Gupfa muri RDC


Abasirikare ba Kongo mu ntara ya Beni ahavugwa Umuhari ADF urwanya reta y'Ubuganda.
Abasirikare ba Kongo mu ntara ya Beni ahavugwa Umuhari ADF urwanya reta y'Ubuganda.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje kur’uyu wa gatanu ko ritewe impungenge n’ibitigiri vy’abacirirwa urwo gupfa bitera vyiyongera muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo mu manza zicirirwa abarwanya reta y’Ubuganda bari mu buseruko bwa Kongo.

Haraheze amezi icenda, sentare ya gisirikare muri Kivu y’uburaruko iriko ica imanza z’abagirizwa kwica abantu baharurwa mu majana mu ntara ya Beni mu mwaka wa 2014, ubwicanyi bwagirizwa abayisilamu barwanya reta y’Ubuganda bahurikiye mu muhari ADF.

Iyo sentare yaciriye urwo gupfa kur’uyu wa gatatu abantu bane, barimwo abakongomani batatu n’umutanzaniya umwe.

Kuva mu kwezi kwa munani 2016, abashika 36 nibo bamaze gucirirwa urwo gupfa, ONU ikanegura ko badahabwa akaryo ko kwunguruza.

Abo bayisilamu barwanya reta y’Ubuganda bari muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kuva mu mwaka w’1995, bagirizwa na reta ya Kongo hamwe na ONU kuba bamaze kwica abashika 700 mu ntara ya Beni kuva mu kwezi kw’icumi 2014.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG