Uko wahagera

Amakenga ku Basirikare Bashasha ba Amerika muri Afuganistani


Mu gihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika itegekanya kurungika abandi basirikare bayo muri Afuganistani, abahinga bavuga ko bafise amakenga ku bijanye n’uko umugwi w’aba talibani uzoheza ugaturura, canke ko bizofasha m’ukuzana uwo mugwi mu biganiro.

Bitegekanijwe ko Prezida Donald Trump atangaze ku bijanye n’umugambi wiwe ku gihugu ca Afuganistani, mu mpera z’uku kwezi. Ni mu gihe abahanuzi biwe basaba ko horungikwa abandi basirikare bashika ku bihumbi bitanu, biyongera kubasanzwe bari mur’ico gihugu.

Yamara abahinga mu vy’umutekano bavuga ko kwongerereza abasirikare muri Afuganistani, ataco bizohindura, ari hamwe hadafashwe izindi ngingo, harimwo izega Reta ya Afuganistani, no kwemeza Pakistani ko yohagarika gukorana n’abagwanyi bari muri Afuganistani.

Bivugwa ko umuhari w’aba talibani ufise ibice cumi na kimwe kw’ijana vy’intara za Afuganistani wigaruriye. Ibice mirongo itatu kw’ijana vy’izo ntara bikaba birimwo intambara hagati y’abagwanyi b’uwo muhari n’abasirikare ba Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG