Uko wahagera

Umusirikare wa 5 w'Ishirahamwe ONU Yishwe muri Centrafrika


Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU, Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU, Antonio Guterres

Umusirikare agira gatanu ajejwe gucungera umutekano w’ishirahamwe ONU yatowe yapfuye muri Centrafrika. Ivyo inyuma y’igitero ku modoka zari zitwaye inteko zijejwe gucungera umutekano za ONU c’abikekwa kw’ari abarwanya abakristu muri ico gihugu.

Ivyo vyatangajwe n’ishirahamwe ONU.

Umuvugizi w’ishirahamwe ONU, Stephane Dujarric avuga kw’uwo musirikare wo mu gihugu ca Maroc yari yavuzwe ko yazimiye yatowe yapfuye. Ivyo bibaye umusi inyuma yuko vyemejwe kw’abandi basirikare bane bajejwe gucungera umutekano b’ishirahamwe ONU bishwe.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres yiyamirije iryo yicwa ry’inteko za ONU zijejwe gucungera umutekano.

Yateye akamo impande zose muri Centrafrika kwumviriza akamo katewe na Perezida, Faustin Archange Touadera k’uguhagarika ubwicanyi n’ugukorera hamwe mu nzira y’ukugarukana umutekano mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG