Uko wahagera

Uburusiya Bwiteze Imigenderanire Myiza n'Amerika


Donald Trump w'Amerika abonana n'abategetsi b'Uburusiya mubiro vya White House
Donald Trump w'Amerika abonana n'abategetsi b'Uburusiya mubiro vya White House

Umuvugizi wa perezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov yatangaje, kur’uyu wa kane, kw’ibiganiro hagati y’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov na perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump vyagenze neza cane.

Dmitry Peskov yabwiye abamenyeshamakuru kw’Uburusiya bwizeye ko buzogiranira imigenderanire myiza kurushiriza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Amenyesha yamara ko hari vyinshi bigitegerezwa gukorwa.

Ivyatangajwe na Peskov bibaye umusi umwe inyuma yuko Perezida Trump agiranye ibiganiro n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov mu biro vyiwe, Maison Blanche vyashimikiye cane cane ku kugene ibintu vyifashe mu gihugu ca Libiya.

Trump yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y’ibiganiro na Lavrov ko vyagenze neza cane ariko nta vyinshi yavuze kuvyo yaganiye na Sergei Lavrov.

Lavrov niwe mutegetsi akomeye cane w’Uburusiya abonanye na Perezida Trump kuva ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka w’2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG