Uko wahagera

Trump Yakiriye Umushikiranganji Lavrov w'Uburusiya


Perezida Donald Trump na Sergei Lavrov w'Uburusiya
Perezida Donald Trump na Sergei Lavrov w'Uburusiya

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yabonanye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov mu biro vyiwe, Maison Blanche.

Niyo nama ya mbere amaso mu yandi perezida Trump agiranye n’umutegetsi akomeye aserukira igihugu c’Uburusiya kuva ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa mbere.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Rex Tillerson yakiye imbere yaho, Lavrov i Washington, mu nyubakwa y’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Tillerson yishimiye ibiganiro bibandanya hagati ya Amerika n’Uburusiya, cane cane ku vyerekeye intambara mu bihugu vya Siriya na Ukraine.

Ibiganiro hagati ya Tillerson na Lavrov vyakwirikiwe n’ibiganiro hagati ya Lavrov na Perezida Trump mu biro vyiwe, Maison Blanche, bibaye mu gihe hari umwuka mubi wa politike i Washington inyuma yuko umuyobozi w’ibiro vy’igihugu bitohoza ivyaha, FBI, James Comey yirukanywe mu mabanga yiwe.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Lavrov, ntiyaribwakandagize ikirenge ciwe i Washington kuva mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2013, yaje kurondera gushigikirwa na Reta ya Amerika mu mugambi w’Uburusiya ugenewe kugabanya ubwicanyi n’uruhagarara mu gihugu ca Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG