Uko wahagera

Kongo: Kabila Yashyizeho Reta Nshasha


Perezida wa Republika iharanira demokrasi ya Kongo, Joseph Kabila yagenye, uno musi ku wa kabiri, reta igizwe n’abategetsi mirongo itandatu, hisunzwe amasezerano y’ukuva mu ruhagarara rwa politike yashitsweko mu mwaka uheze.

Benshi mu bahora muri iyo reta babandanije gushingwa amabanga muri Reta nshasha. Yamara abadepute bane biyonkoye ku mugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta, UPDS bashizwemo.

Igikorwa nyamukuru ca Reta nshasha yashizweho n’ugutegura mu bisanzwe abazotegura amatora y’uwuzosubirira Perezida Joseph Kabila, ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’i 2001.

Urutonde rw’abagize reta rwashizwe ahabona ukwezi kumwe inyuma y’igenwa rya Bruno Tshibala, uwundi yiyonkoye ku kugambwe UPDS, mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere.
Repubulika iharanira demokrasi ya Kongo iri mu bibazo vya politike kuva Perezida Kabila asubiye kwitoza amu mabanga y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’i 2011. Ayo matora yaranzwe n’ubusuma bukomeye.

Umwuka mubi wa politike warunyuwe n’ingingo ya Perezida Kabila y’ukuguma ku butegetsi inyuma yuko arangije ikiringo ca kabiri. Ubwicanyi bwabaye kubera iyo ngingo yiwe y’ukuguma ku butegetsi bwahitanye abantu batari bake mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG