Uko wahagera

Imiryango Irenga 300 Iherutse Guhunguka Muri Makamba


Imiryango irenga 300 yari yarahungiye mu gihugu ca Tanzaniya ivuye muri zone Gitara ya komine Mabanda mu ntara ya Makamba iramaze guhunguka.

Ivyo vyemezwa n’umukuru wa zone Gitara Serge NIbayubahe avuga ko abo Barundi bari bahungiye i Tanzaniya batahungutse mu kivunga.

Mur’abo hari abagiye bahunga icuka ca politike co mu 2015 n’abandi bari bagiye bahunga inzara bagiye kurondera ubuzi nk’uko vyemezwa n’uwo arongoye zone Gitara.

Iruhande y’abo ba nya Gitara batahutse bava i Tanzaniya hari abaturuka mu zindi ntara binjiranye muri Komine Mabanda bavuye mw’ikambi y’i Manyuvu mur’ico gihugu.

Akarorero n’ak’abantu umunani bamaze hafi indwi zibiri bacumbitse imbere y’ibiro vya Komine Mabanda. Abo bavuga ko birukanywe n’abategetsi ba Tanzaniya, bataha imbokoboko.

Bavuga ko ata buryo bafise bwo gushika mu ntara baturukamwo, bagasaba gufashwa.

Ku bijanye n’uko abo bahunguka bakubagurwa bakanyagwa ivyabo biremezwa na musitanteri wa Komine Mabanda Laetitia Niyonkuru avuga ko bishikira cane ababa badafise uburenganzira bwo kuguma ku butaka bwa Tanzaniya.

Abanya-Makamba bagera ku 37,764 ku bihumbi ijana birenga bari barahungiye mu gihugu ca Tanzaniya kuva mu 2015 baramaze guhunguka nk’uko bishikirizwa ku n’ibiro vya ONU bijejwe impunzi kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG