Uko wahagera

Koreya y'Epfo mu Matora y'Umukuru w'Igihugu


Abanyagihugu mu matora y'umukuru w'igihugu muri Koreya ya Ruguru.
Abanyagihugu mu matora y'umukuru w'igihugu muri Koreya ya Ruguru.

Abanyakoreya y’epfo kur’uyu wa kabiri bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu mushasha.

Ayo matora abaye inyuma y’umwaka uheze ico gihugu kiri m’uruhagarara rwa politike, rwaranzwe n’imyiyerekano yakozwe mu mahoro, no gukura k’ubutegetsi vyakurikiwe no guhagarika Park Geun-hye yahoze arongoye ico gihugu yagirizwa kurya ibiturire.

Ibiro vy’amatora vyuguruwe isaha cumi na zibiri z’agatondo mu masaha yo mur’ico gihugu, uwutahukana intsinzi aza kumenyekana imbere yuko iri joro rirangira.

Abakandida batatu, aribo Moon Jae-in, wo mu mugambwe w’abademokrate b’aba Liberal, Hong Joon-pyo, wo mu mugambwe uharanira umwidegemvyo hamwe na Ahn Cheol-soo wo mu mugambwe w’abanyagihugu nibo bariko bahiganirwa ico kibanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG