Uko wahagera

CPI: Amatohoza Kuvyaha Bikorerwa Abimukira muri Libiya


Icicaro ca Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, i Lahaye m'Ubuholande
Icicaro ca Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, i Lahaye m'Ubuholande

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha itegekanya gutanguza amatohoza kuvyaha bikorerwa abimukira muri Libiya, ahavugwa ko ibibakorerwa ar’agahomera bunwa. Ivyo vyashikirijwe na Fatou Bensouda, umukuru w’iyo sentare imbere y’akanama ka ONU kajejwe umutekano kur’uyu wa mbere.

Bensouda avuga ko abimukira baharurwa mubihumbi na cane cane abagore n’abana bafungirwa mubigo bitandukanye muri Libiya, bagakorerwa amabi atandukanye nk’ubwicanyi, gufatwa kunguvu, no kuborezwa igufa. Amenyesha ko bariko baratororokanya ibirego kur’ivyo vyaha.

Abo bimukira bakorerwa amabi bikika mu kajagari kari muri Libiya kuv’aho uwahoze arongoye ico gihugu Mouammar Kadhafi yiciwe m’umwaka w’2011. Benshi muri bo banduruka bavuye mu burengero bw’igihugu berekeza m’Ubutaliyano buri ku bilometero 300.

Bensouda, umukuru wa CPI asaba kandi abategetsi ba Libiya gufata uwahoze ajejwe umutekano wa Kadhafi, Al-Touhami Khaled, kuvyaha vyo mu ntambara yagirizwa n’iyo sentare kuva m’umwaka w’2013.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG