Uko wahagera

Uruzi Ntahangwa Rwibasiye Bujumbura


Uruzi Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura
Uruzi Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura

Uruzi Ntahangwa ruca mu gisagara ca Bujumbura hagati y’amakomine ya Mukaza na Ntahangwa rurabangamiye amazu n’inyubakwa za Leta.

Bamwe mu banyagihugu baba mu ma karitiye ya Kigobe na Mutanga sud mbere baramaze kwimuka barata amazu yabo. Ubushikiranganji bw’ibidukikije bumenyesha ko ico kibazo kigiye gutorerwa umuti vuba.

Umuhinga mu bijanye n’ibidukikije akaba n’umwigisha muri kaminuza Jean Marie Sabushimike asigura ko ibituma inkombe z’uruzi Ntahangwa zibomoka ari icukurwa ry’amabuye n’umusenyi murirwo.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika mu Burundi Eloge Willy Kaneza araduha insiguro kuri iki kibazo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:01 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG