Uko wahagera

Abatwara Amatagisi mu Cibitoke Bahagaritse Akazi


Mu Burundi, abagendesha amatagisi yunguruza abantu taxis voiture mu ntara ya Cibitoke babujijwe gukora kur’uno wa mbere. Intandaro n’uko badugije itike yo kwiyunguruza ku muntu mur’iyo ntara nk’uko buramatari w’intara ya Cibitoke yabibwiye Ijwi ry’Amerika.

Abo bita abataximen badugije amafaranga 500 y’amarundi kuri buri muntu. N’ukuvuga ko uwahora ariha 500 yasabwa kuriha 1000, uwahora arihishwa 1000 yasabwa 1500.

Abagendesha ayo matagisi bavuga igituma badugije igiciro co kwiyunguruza. Abayaze n’ijwi ry’Amerika bavuga ko atagitoro kiboneka mu ntara ya Cibitoke. Bavuga ko ilittiro ya essence bahora bagura 2100 vy’amarundi ubu iri hagati ya 5000 na 6000 kuri magendo.

Ubutegetsi bw’intara ya Cibitoke bwafashe ingingo yo guca amande y’ibihumbi 100 vy’amarundi kuri buri mushoferi wese yadugije igiciro.

Ubona ko iyo ntara iberamwo urudandazwa na cane cane rw’ivyimburwa, ihagarikwa ryo kunguruza abantu n’ibintu hakoreshejwe amatagisi voiture vyatumye abatari bake mu bategerezwa kuja kurema amsoko no kuja ku bundi buzi mu makomine atandukanye basiba kujayo.

Buramatari Joseph ITERITEKA amenyesha ko ategekanya guhura n’abo bagendesha ayo matagisi imbere y’uko basubira gukora.

Umumeneyshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Cibitoke Evariste Nzikobanyanka ni we yakurikiranye iyi nkuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG