Uko wahagera

Tanzaniya: Impanuka ya Bisi Yahitanye Abantu 34


Ahabereye impanuka ya bisi, i Arusha, muri Tanzaniya

Muri Tanzaniya, abantu mirongo itatu na bane bapfuye bahitanywe n’impanuka y’imodoka yo m’ubwoko bwa bus, kur’uyu wa gatandatu. Iyo mpanuka yabereye mu ntara ya Arusha, aho iyo modoka yar’itwaye abanyeshure n’abigisha bo kw’ishure rito riri mu karere ka Karatu, bari bagiye gukora ikibazo.

Umukuru w’igipolisi mu ntara ya Arusha, Komanda Charles Mkumbo, yatangaje kandi ko har’abanyeshure bane bakomerekeye mur’iyo mpanuka.

Innocent Mushi, umuyobozi w’iryo shure yabwiye ikinyamakuru AFP ko abanyeshure mirongo ibiri n'icenda, abakozi b’ishure babiri, hamwe n’uwaratwaye iyo modoka aribo bahitanywe n’iyo mpanuka.

Iyo modoka ikaba yahujije inzira, iseka ibiti biri hirya y’ibarabara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG