Uko wahagera

Ubushinwa Bwashikirije Umusuma w'Ubwato Somaliya


Igisirikare c’Ubushinwa kigwanira mu mazi cashikirije, kur’uyu wa gatanu, umurongozi w’abasuma b’ubwato, yari yafashwe m’ukwezi guheze kwa kane, inyuma y’aho umugwi arongoye ugeragereje kwiba ubwato bikawunanira.

Uwo mugabo azwi kw’izina rya Abdikarim Salah, hamwe na bagenzi we babiri, ubu bari mu minwe y’abajejwe umutekano ba Somaliya, mu ntara Puntland, ku kivuko ca Bosaso, kiri ku kiyaga gitukura. Colonel Yasin Ali Nur, arongoye igipolisi mur’iyo ntara, yabwiye Ijwi rya Amerika ko abo bagabo bazoca barenguka imbere y’ubutungane.

Abdimajid Samatar, umuyobozi m’ubushikiranganji bujejwe uruja n’uruza mu mazi, yatangaje ko umwe mur’abo bambuzi bafashwe, yagirizwa kuba yaramaze kunyuruza ubwato incuro mirongo ibiri na zitandatu. Bikavugwa ko ashobora kuba ari Salah, yar’asanzwe arongoye uwo mugwi w’abasuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG