Uko wahagera

Inama y'Abashikiranganji ba Aziya muri Amerika


Rex Tillerson (hagati), ari kumwe n'abashikiranganji baturuka k'umugabane wa Aziya na Pasifike.
Rex Tillerson (hagati), ari kumwe n'abashikiranganji baturuka k'umugabane wa Aziya na Pasifike.

Abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu bo k’umugabane wa Aziya na Pasifike batangaje ko Koreya ya Ruguru itegerezwa kwubahiriza ingingo zafashwe n’inama y’umutekano ya ONU, zitegeka ico gihugu guheba ibikorwa vyo guhingura ibigwanisho vya nucleaire.

Abo bashikiranganji bahuriye hano i Washington muri Amerika, kur’uyu wa kane, mu nama idasanzwe yatunganijwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Rex Tillerson.

Reta irongowe na Prezida Donald Trump isaba akarere ka Aziya gushigikira akigoro irimwo ko gushira inguvu mu gikorwa co guhagarika ibigwanisho bihingugwa na Koreya ya Ruguru. Mur’ako kigoro, Amerika ivuga ko ihanze amaso Igihugu c’Ubushinwa kuko ari naco gisanzwe gikorana cane na Koreya ya Ruguru.

Departema ya Amerika yatangaje kandi ko Tillerson hamwe n’abo bashikiranganji baturuka k’umugabane wa Aziya baganiriye ku bijanye no gushira mu ngiro amasezerano yashizweho mu bihumbi bibiri na bibiri n’Ubushinwa, avuga kubijanye no gutorera umuti impari ziri mur’ako karere, biciye mu mahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG