Uko wahagera

Prezida Trump Agiye Kugendera Arabiya Sawudite


Prezida Donald Trump.
Prezida Donald Trump.

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyatangaje kur’uyu wa kane ko Prezida Donald Trump ategekanya gufata urugendo mu mpera z’uku kwezi kwa gatanu, agana igihugu ca Arabiya Sawudite. Mur’urwo rugendo akazobonana n’abategetsi b’ibihugu vy’abarabu, aho bazoganira ku bijanye n’ugukorera hamwe kugira bagwanye ibikorwa vy’imihari ya kisilamu.

Urwo rugendo rwa Prezida Trump ruzobandaniriza kandi mu bikorwa vyo guhura n’abarongozi b’amadini, ah’azogenderera n’ikibanza ceranda, kugira atanguze umugambi w’amahoro mu karere k’abarabu. Prezida Trump ategekanya kandi kuzobonana n’umwungere w’ishengero katolika, Papa Fransisiko.

Adel Bin Ahmed Al-Jubeir, umushikiranganji wa Arabiya Sawudite ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu amenyesha ko urugendo rwa Prezida Trump mur’ico gihugu rukomeye kandi ko Arabiya Sawudite ishigikiye Reta ya Prezida Trump kuva ishingwa.

Jerry Feierstein, yahoze ar’icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, mu karere k’ibihugu vy’abarabu, avuga ko urugendo rwa Prezida Trump rwumvikana cane. Akavuga kandi ko Arabiya Sawudite n’ibihugu vy’abarabu bizofasha m’ugukomeza imigambi ya Reta irongowe na Prezida Doanld Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG