Uko wahagera

Amabuye y'Agaciro Arerekanwa Arusha


I Arusha muri Tanzania hariko harabera ihayanishwa ry’iminsi 3 (imurikagurisha) ry’amabuye y’agaciro ava mubihugu 8 vy’Afurika y’Ubuseruko na Afurika y’amajepfo. Hari inzahabu, diamant n’izindi zigwiriyemwo izo gukuramwo impeta, imigufu ) n’ibindi bisharizo vy’abakeneyzi.

Hari amabuye bagurisha kukilo canke ku magarama, igiciro ni guhera kuma dolari 50 kuduga n’ukuvuga hejuru yayarenga ibihumbi 100 vy’amarundi. Bavuga ko mubice vyinshi vya Kongo ahari amabuye y’agaciro hari intambara arico gituma batanye n’inzahabu, Cuivre hamwe na Zinc.

Muriryo hayanishwa hari n’amabuye y’agaciro yavuye muri Kenya, mu Buganda, Afurika y’epfo, Nigeria n’ahandi. Ariko abenshi bahari n’abadandaza amabuye y’agaciro yo muri Tanzaniya.

Umwe mubafise amabuye y’agaciro menshi harimwo izitwa Tanzanite zo muri Tanzaniya avuga ko zizimvye kubera amakori n’amatagisi menshi batozwa kuva bakizicukura gushika zigurishwe. Asaba ko basi Reta ya Tanzania yofuma igabanya kugira abatanzania benshi bazigure bahe utuganuke n’udushimwe abakunzi babo kandi bashaze nabo.

Umwe mubashingamateka yari yaje nawe muriryo hayanishwa, avuga ko ikibabaje aruko ahacukurwa ayo mabuye y’agaciro usanga abanyagihugu bakiri mubukene budasanzwe.

Ati ahava izo nzahabu canke ayandi mabuye y’agaciro, usanga abanyagihugu ata azi meza bafise, atabitaro canke amavuriro, atana mashure meza ahari. Ubushikiranganji bujejwe ubutare n’agataka muri Tanzania buvuga ko hariko hashirwaho imigambi myinshi izotuma amabuye y’agaciro yose amenyekana kandi agatuma igihugu gitera imbere.

Muri iri hayanishwa ry’amabuye y’agaciro rizomara iminsi itatu, ntabarundi canke abanyarwanda barimwo.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Arusha muri Tanzaniya Pierre Claver Niyonkuru ni we utugezaho iyi nkuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG