Uko wahagera

Polisi Yafunze Bane Kubera Ubusuma i Ngozi


Pierre Nkurikiye ni umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi
Pierre Nkurikiye ni umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi

Mu ntara ya Ngozi, igipolisi kivuga ko kimaze gufata abantu 4 bagirizwa ubusuma hakoreshejwe amayeri, bashurashuza n’abakenyezi ku nguvu biyitirira abakozi b’igendereza. Pierre Nkurikiye umuvugizi w’igipolisi yavuze ko mu bafashwe harimwo umukozi w’ihoteri Ganza, akavuga ko iyo hoteri ariyo yarayemwo umugabo yatowe ikiziga mu modokari y’uwahoze ari umushingamateka amaze igihe yarabuze.

Yabeshuje inkuru zashikirijwe kuri uwo mushingamateka na bamwe mu barongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique yafuswe. Mu bahagaritswe harimwo n’umukozi wa PAM. Umuvugizi w’igipolisi, yavuze ko bamwe muri abo bakozi bariko baritwara nabi ku buryo buteye amakenga.

Mu Kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu ntara ya Ngozi, Pierre Nkurikiye umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi amenyesha abafashwe bakora amabi kw’izina ry’abarongoye igendereza. Iruhande y’uwo, hari uwitwa Bangurambona Egide Asmani.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi avuga ko yiyita uwutwara iperereza mu ntara ya Ngozi.Uyo Bangurambona yahoze akorera mw’ihoteri bita Ganza. Pierre Nkurikiye amenyesha ko iyo hoteri ariyo yari yarayemwo uwatowe ikiziga mu mudokari y’uwahoze ari umushingamateka Oscar Ntasano.

Umuvugizi w’igipolisi yabeshuje amakuru yashikirijwe n’amwe mu mashirahamwe kuri uyo yahoze ari umushingamateka amaze igihe yarabuze.( yagirije abarongoye amashirahamwe APRODH na FOCOD) Pacifique Nininahazwe na Pierre Claver Mbonimpa barongoye amashiramwe yafuswe mu Burundi ariyo FOCODE na APRODH bagirizwa guhuvya amatohoza.

Harimwo kandi Nkeshimana Claver Salim, umukozi w’ishiramwe PAM. Umuvugizi w’igipolisi yavuze ko bamwe mu bakozi b’iryo shirahamwe bagize imisi berekana inyifato iteye amakenga. Uwitwa Ntwari steve yatanze intahe y’ingene yibwe mu buryo bw’amayeri.

Umuvugizi w’igipolisi asaba abantu bose boba baribwe hakoreshejwe amayeri n’abiyita ko bari mu nzego z’iperereza kwitura ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG