Uko wahagera

USA: Ikiganiro ku Banyeshure bo mu Mahanga


Abahinga muvy’amashure hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko abanyeshure baturuka mu makungu bahawe ikaze muma kaminuza ya Amerika. Ivyo babitangarije mu kigo c’Iradiyo Ijwi rya Amerika, kur’uyu wa gatatu, aho batangaje ko abanyeshure baturuka mu mahanga bafise ico bungura k’ubuzima bwa Amerika, biciye mu migenderanire iba yifashe neza.

Mu kiganiro kigenewe ivy’inyigisho muri Amerika, Amanda Bennett, umuyobozi mukuru wa Radiyo Ijwi rya Amerika, yatangaje ko k’umunsi k’umunsi iyo radiyo yakira ibibazo vy’abanywanyi bayo ku bijanye n’inyigisho muri Amerika. Bennett yavuze ko intumbero y’ikiganiro mwen’ico ar’iyo guhuza abantu bo mu mihingo itandukanye n’abahinga, biciye k’ubuhinga ngurukanabumenyi nka Facebook na satellite.

Umwe mubariko barakurikirana ico kiganiro, aturuka mu gihugu c’Ubushinwa yabajije icoba kiriko kirakorwa ku bijanye n’itegeko ryo kubuza abantu kwinjira muri Amerika. James Dorsett, umuyobozi w’abanyeshure baturuka mu mahanga, muri Kaminuza ya Michigan yishuye avuga ko ibigo vy’amashure vyipfuza kugumana imigenderanire myiza no kubandanya kwakira abo banyeshure.

Ico kiganiro cari giteramijwe n’abayobozi mu bisata no muma kaminuza atandukanye ya hano muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG