Uko wahagera

Nijeriya: Umukuru wa Boko Haram Yoba Yarakomerekejwe


Abasirikare ba Nijeriya bafashe ibendera rya Boko Haram bahejeje kwigarurira igisagara ca Damasak,
Abasirikare ba Nijeriya bafashe ibendera rya Boko Haram bahejeje kwigarurira igisagara ca Damasak,

Abubakar Shehau, umukuru w’umuhari w’iterabwoba Boko Haram, yarakomeretse, uwundi umwe muvyegera vyiwe aricwa mugitero c’indege cakozwe mu buraruko bwa Nijeriya. Ivyo vyashikirijwe n’abajejwe umutekano mur’ico gihugu kur’uyu wa gatatu.

Indege zibiri za gisirikare nizo zagavye ico gitero kubarwanyi ba Boko Haram aho bari mu masengesho k’umusi wa gatanu uheze mugace ka Balla kari ku birometero 40 vy’igisagara ca Damboa, hafi y’ishamba rya Sambisa, aho Boko Haram yama yihisha.

Itororokanirizo ry'amakuru ry'abafaransa, AFP ritangaza ko ritarashobora kuronka abategetsi ba gisirikare ca Nigeriya kugira bavyemeze. Ivyo bitangajwe mugihe muri kahise abategetsi bamaze gutangaza incuro zitatu zose ko Shekau yishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG