Uko wahagera

USA: Slager Yemanze Icaha c'Uko Yishe Umwirabure


Umupolisi Michael Slager, imbere y'ubucamanza
Umupolisi Michael Slager, imbere y'ubucamanza

Muri Reta ya Caroline y’Ubumanuko, umupolisi w’umuzungu Michael Slager, yemanze imbere ya sentare ko yishe umugabo w’umwirabure Walter Scott.

Slager, afise imyaka mirongo itatu n'itanu, yemanze, kur’uyu wa kabiri, ko yarenze ku mategeko mu kurasa Scott atabanje kumusiguza. Ashobora kuzopfungwa akongera agatangishwa ihadabu ryamafaranga angana n’amadolari ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu. Abacamanza bamusabiye umunyororo w’imyaka mirongo ibiri, yamara ntivyatangajwe ryari urwo rubanza ruzocibwa.

Mu gihe hoba kwumvikana, Reta ya Caroline y’Ubumanuko izoheza ihagarike urwo rubanza.

Kur’uyu wa kabiri, ikinyamakuru "The Washington Post" catangaje ko ubushikiranganji bw’ubutungane butazocira urubanza abapolisi babiri baregwa kuba barishe umugabo yitwa Alton Sterling, m’umwaka uheze, muri Reta ya Louisiana. Ubwo bwicanyi bukaba bwari bwatumye abantu batari bake bakora imyiyerekano mu bisagara bitandukanye vya Amerika.

Yamara ubushikiranganji bw’ubutungane gushik’ubu ntaco buratangaza kubijanye n’iyo ngingo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG