Abasivile 21 bishwe uno musi ku wa kabiri mu gitero ca Reta ya Kiyislamu hafi y’ikambi y’impunzi z’abanya Iraki n’abanyasiriya bataye izabo iri ku rubibe hagati y’ibihugu vya Siriya na Iraki.
Ivyo vyatangajwe n’ishirahamwe rikwirikirana ibibera mu gihugu ca Siriya rifise icicaro i Londres, mu Bwongereza, Syrian Observatory for Human Rights.
Umuvugizi w’iryo shirahamwe, Rami Abdel yatangaje kw’abiyahuzi batanu bari bafise amabombe biturikije muri iyo kambi y’impunzi no hanze yaho.
Amakuru atangwa n’abakurde na Reta ya Siriya amenyesha ko benshsi mu bapfuye bari mw’ikambi y’agatenganyo inyuma yuko bahunze ibice vyo muri Siriya na Iraki biri mu minwe ya Reta ya Kiyislamu.
Ugutana mu mitwe gukomeye kwadutse inyuma y’igitero ca Reta ya Kiyislamu hagati y’abarwanyi bayo n’inteko zishigikiwe n’urunani ruyobowe na Amerika. Bamwe mu barwanyi bahasize ubuzima
Facebook Forum